28 November 2012

Mtabila Camp Ending In Forced Repatriation Of Burundian Refugees

Impunzi zo mw'ikambi ya Mtabila muri Tanzania zitegerezwa kuba zahavuye imbere y'itariki 31/12/2012 nk'uko vyategetswe na Leta ya Tanzania, Leta y'u Burundi na UNHCR. Kugira ivyo bishoboke bisaba ko hafatwa ingingo ruhasha zo guhungura abo Barundi kunguvu kuko bose ntibiyumvamwo kuba bahungutse imbere y'iyotariki. Mugitondo ca kare utuzu impunzi zibamwo tuzinduka dukikijwe n'abasoda, abapolisi n'abakozi b'ishirahamwe IRC bose bitwaje ibipanga, ibibando n'amashoka, bagasambura batarinze kuraba ko hari uwuryamyemwo canke ko hari ibintu birimwo vyokwononekara.
Impunzi zirakubitwa, zimwe zigakomereka, izindi zigapfa, ibintu bigasahurwa ibindi bikanyagirwa. Uwufashwe bakamupakira muma bus abatahana mu Burundi. Abavyeyi bamwe ntibajana n'abana, abagore n'abagabo barazimirana. Operation yo guhungura kunguvu yatanguye 1/11/2012 ikambi igizwe n'amazone A, B, C, D, AA na AB, yarimwo abantu bashika 36000. Ubu hasigaye zone A ariyo irundanyemwo abagiye baratoroka guhungurirwa mumazone babamwo. Ntabitaro bihari, amazi ntagikwira abahari bose, utuzu babamwo twarasambuwe kuva le 26/11/2012. Abantu bose barara hanze, ibintu vyose bikanyagirwa
, n'abashatse gutaha mu Burundi ntiboroherwa kuronka imodoka zibatahana. N'aho kumusi hatonda ama bus 20 kwurira ni ugutanguranwa kuko ntibicitwa guhunguka ahubwo ni uguhungira mu Burundi. Abacemerewe guhabwa ivyokurya ni abanditswe ko baba muri zone A gusa. Uwuronse n'uduhera ntaronka aho asuma, n'aho hari aba Tanzania bakeyi baza kudandaza ivyo bimbuye mw'ikambi nabo ntiboroherwa kwinjira kuko uwuje atakimuranga afise arakubitwa nawe n'abasoda.

12 July 2012

Mtabila Today

Impunzi z'i Mtabila zicemerewe gukingirwa n'amakungu zatanguye kwimurirwa mw'ikambi ya Nyarugusu kuva uyumusi.